KwIsoko ryUbuzima
mu muryango wabakristu
Diyoseze kuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 927461
E-mail: [email protected] Site: www.isokoryubuzimaburundi.fr.gd
" ukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21)
Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ryImana mu misa no mu buzima
Igiciro:100Fr 35/13
1/9/2013 IDOMI IKA YA MIRO GO IBIRI A KABIRI Umwaka C Inkomoko yo kwambaza Bikira Mariya Umugabekazi wi Aparecida.
Hari mu mwaka w1717 i Guaratinguet mu gihugu ca Bresil, aho abategetsi batwara ako karere bamenyesha abanyagihugu ko bagiye kubagendera. Mu micungararo hariho uruzi nabarovyi benshi. Bamwe murabo barovyi (Felipe Pedroso, Joao Alves, Domingos Garcia) baciye baja kuroba kugira ngo bazimane abo bashitsi ifi zimeze neza. Baratereye urusenga akatari gake barabura ifi nimwe. Babibonye gurtyo, baca bungururiza amaja epfo yurwo ruzi, ngo barabe ko ataco boronka. Barasubiriye guterera urusenga, bararukweze basanga rurimwo umutumba wigishusho ca Bikira Mariya kitagira umutwe. Bongeye kandi, basanga bakweze umutwe wico gishusho. Ivyo vyabavyuriye umwizero, baca bahambira neza mwishuka uwo mutumba nuwo mutwe. Baciye basubira guterera urusenga baca bakwega ifi nyinshi cane. Felipe Pedroso niwe yagumije ico gishusho i muhira iwe, ababanyi bakaza baraza gusenga kandi bakaronka imihezagiro myinshi mu buzima bwabo, bakemeza ko ibisabisho vyabo vyishurwa, mbere nibitangaza bikibonekeza. Iyo nkuru imaze gukwira mu ntara zose za Bresil, Pedroso yaciye yubaka aho abantu bazohora basengera, mu nyuma haca haba hato. Mu 1734, umusaserdoti wi Garantiguet yarubatse isengero kwisonga ryumusozi Morro dos Coqueiros aca aratunganya ibijanye no kuhasengera. Kubera ko abantu bagumye bagwira, iyindi sengero yarubatswe mu 1834. Mu 1894, umugwi wabapatiri nabihebeyimana bo mu muryango wabaredemptoristes barashitse i Aparecida ngo batunganye neza ibijanye nukwakira ingenzi zije kwitura umugabekazi wi Aparecida. Mu 1929, umugabekazi wi Aparecida yaratangajwe icese na Papa Piyo wa XI ko umugabekazi wi Aparecida ari umwamikazi numuvunyi wigihugu ca Bresil. Isengero yitiriwe uwo mugabekazi iri i Aparecida mu ntara ya Sao Paulo mu gihugu ca Bresil. Ahimbazwa kwitaliki 12 zukwezi kwicumi.
Umugabekazi wi Aparecida: Insiguro ya Papa Fransisko. Igihe Papa Fransisko yari
mwihwaniro mpuzamakungu ryurwaruka i Rio de Janeiro, imisa ya mbere yayisomeye i Aparecida kugira ngo ature Bikira Mariya Umugabekazi wi Aparecida (akaba numuvunyi wa Bresil) imyitwarariko yose ijanye niryo hwaniro. Mu nyigisho yatanze afatiye kuri kahise kico kibanza, yaratomoye ingene Ekleziya yomera: yoba mu bworo, igasasagaza hose inkuru nziza yurukiza. Imana yiyerekanye mu barovyi babakene. Ubwato ninsenga vyabo vyari bishaje. Bari bashonje, baruhishijwe nukuroba ataco baronka. No muri iki gihe nyene, abantu mu buruhe bwabo bahakwa kurambirwa no kwihebura; ariko Imana aho ishakiye iraseruka, no mu gihe umuntu atavyiteze, cane cane iyo yihanganye. Ku bijanye niyo shusho ya Bikira Mariya yatowe mu mazi: babanje gutora umutumba, hanyuma umutwe, hanyuma barabiteranya bicika ishusho ikwiye. Ivyari vyasanzaye vyasubijwe hamwe. Bresil nigihugu catabaguwe nubukoloni bwahohotera abirabure bakagirwa abaja. Bikira Mariya yiyerekanye mwishusho yumwirabure. Nukuvuga ko ivyo vyose bizana impome hagati yabantu bikwiye kuhava. Ekleziya nifashe abantu kwunga ubumwe. Abarovyi baremeye ko mu gihe boteranya ibimanyu boca baronka ishusho yuzuye. Ico kinyegezwa baragitwaye iwabo. Abantu batobato ntibibagora kwinjira mu mugambi wImana. Mu boro no mu baciye bugufi, Imana yama ifise ikibanza. Bikira Mariya baramukuye mu mazi baramutwara iwabo. Imana yama ishaka kugerera mu mitima yacu, ishaka ko tuyiha ikibanza mu mitima yacu. Abarovyi ntibigungiyeko iciza baronse, baratumiye ababanyi ngo basenge, nabo babone ivyiza vyImana. Ivyo vyiza vyaciye bikwira hose. Ekleziya iratumiriwe gusamiriza hose inkuru nziza, ngo abantu bose buzure akanyamuneza kava ku Mana, batamarire ubwiza nububasha bwayo. Naho insenga zo muri Ekleziya zishwanyagurika, Imana niyo ikora: ica murubwo bworo ikerekana ububasha bwayo. Ekleziya nice bugufi, ntiyibagire ko irinda kwiyegereza aboro.
Mugabekazi wi Aparecida, ntuhengeshanye kutwiyereka ngo udutahuze ngaha kwisi urukundo rurengeye vyose, ko rufise ububasha gusumba igicumuro. tuhengeshanye kutwumvisha urukundo Imana yadukunze igaherezako, ikaduha ikinege cayo Yezu kugira ngo ntihagire numwe atakara, ariko twese turonke ubuzima budahera (Yo. 3, 16).
TWUMVIRIZE IRYO IMA A ITUYAGIRA IDOMINIKA YA 22 YO MU MWAKA- C IGISOMWA CA MBERE: Siraki 3, 17-18.20.28-29 Ishimagizwa ry'ugucisha make. Ivyo dusoma mu gitabu c'Ubwitonzi: Mwananje, rangurana ubwitonzi ivyo ukora vyose, niho bazogukunda kurusha amasabo meza. Uko ubukuru bwawe bungana, niko utegerezwa kwicisha bugufi: niho uzoshimwa mu nyonga z'Umukama. kako, inganji y'Umukama ni agaheta, ariko abifata ruto nibo bamuninahaza. Uwishima abura uko yogira, kuko inyanduruko y'akabi imubamwo. Umwitonzi we yama yibuka mu muzirikanyi wiwe amajambo y'ubwitonzi; ico incabwenge ishaka, n'ukugira amatwi akunda kwumviriza. IGISOMWA CA KABIRI: Heb. 12, 18-19. 22-24a Umusozi wa Siyoni nigisagara cImana nzima Ivyo dusoma mwibaruwa ryandikiwe Abahebreyi: cuti zanje: Igihe mwegera Imana, ntimwegereye ikintu kiboneka, nka wa muriro waka, vya bicu vyirabura, wa muzimagiza; vya bihuhusi vy'umuyaga, rwa rwamo rw'inzamba na rya jwi ry'amajambo ryatumye abaryumvise bitakambira ngo ntihagire irindi jambo babwirwa. Ariko, mwegereye umusozi wa Siyoni n'igisagara c'Imana nzima, mwegereye Yeruzalemu yo mw'ijuru n'isinzi ry'Abamalayika, ikoraniro rihimbaye n'ishengero ry'abantu b'imfura banditswe mw'ijuru, mwegereye Imana Mucarubanza wa bose n'imitima y'aberanda babushitse, mwegereye na Yezu We Mushikiriza w'Isezerano rishasha. INKURU NZIZA: Lk. 14, 1. 7-14. i waba ushaka ikibanza ca mbere mu butumire bw'Imana urabanza wishire mu kibanza giciye bugufi. Yezu yari yatumiwe nkabandi mu musi mukuru wumwe mu bakuru bAbafarizayo. Yezu si umutumire asanzwe kandi ntavugira muvumbi kumuvumba. Aciye afata ijambo nkuko umengo niwe yatumiye. iwaramuka utumiwe mu bugeni ntuze ugende kwicara mu bibanza biri imbere kuko kumbure mu batumire hoba hariho ukuruta, nyene kubatumira nawe yohava aza kukubwira ati: Mucungurire ikibanza . one rero ugateterwa mu gusubira mu kibanza kiri inyuma. Ico yabonye, Yabonye! ingene bahatswe kumucako batanguranwa ibibanza vyimbere. Ntawuzi naho ko batamugundaniyeko. Ndetse ko ivyo ababwiye ari ijambo ryImana kuko rinavuzwe nUmwana wImana, ni nimpanuro kandi yiteka nubuntu. Kanatsinda kugira tube abana bImana, duhamagariwe kuba abantu babushitse bigihagararo ca Kristu. Kubwiryo jambo ryiwe, Yezu agomba kubanza kubagira abantu babushitse imbere yo kubatambutsa ku yindi ntambwe yokubahishurira uwariwe. Erega nawe nyene yaje gutumira. Barahiriwe abatumire bImana! Yezu arabazatsu-
Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Luka: Umunsi umwe, hari ku munsi w'isabato, Yezu yinjiye mu nzu y'umwe mu bakuru b'Abafarizayo ngo ba muzimane, bano na bo bakamurereka. Abonye ingene abari batumiwe Batanguranwa ibibanza biri imbere. Yezu araheza ababarira ati: i waramuka utumiwe mu bugeni, ntuze ugende kwicara mu kibanza kiri imbere, kuko Kumbare mu batumire hoba hari uwukuruta; nyen'ukubatumira mwe na we, yohava aza ku kubwira ati: Mucungurire ikibanza; na we rero ugateterwa mu gusubira mu kibanza kiri inyuma. Uramutse watumiwe rero, uriyicarira riho mu kibanza kiri inyuma, kugira ngo nyene gutumira ni yaza, akubwire ati: Erega, mukunzi, igira imbere. iho rero uzoba uronse iteka mu batumire bandi bose. kako, umuntu wese yininahaza bazomusubiza hasi, na we uwifata ruto bazomushimagiza. Yezu yongera kubarira uwamutumiye, ati: Ukaramuka ufungurira abandi, ntuhamagare abagenzi bawe, benewanyu, incuti n'ababanyi batunze, kuko kumbure na bo bogutumira, bakakwishura; yamara ni wagira inzimano, uratumira aboro, ibimuga, abacumbagira n'impumyi; niho uzoba uhiriwe, kuko batagira ico bokwishura: uzokwishurwa umunsi intungane zizozuka. riye inyifato yabatumire bImana: Ukwicisha bugufi biza imbere.Yezu arigishije na bene gutumira nyene, abahamagarira gushusha nawe! Yihweje abatumiwe asanga ni abafise igihagararo mu maso yabantu, yabuzemwo aboro, ibimuga abacumbagira, impumyi kandi aribo bamuzanye, nibo nawe yaje gutumira. Abatumire benshi baguma bikimbagirira kuri ya myibutsa ngo Iminwe itangana ngo ntiramukanya ngo Iminwe iryoha inyuranye, ngo, abatanganya amatako ntibicarana Yezu ati: yamara ni wagira inzimano uratumira aboro, ibimuga, abacumbagira nimpumyi; niho uzoba uhiriwe kuko batagira ico bokwishura uzokwishurwa umusi intungane zizozuka. Nta muntu numwe atipfuza guhirwa, ariko turonderera ubuhirwe ahatariho, turondera ubuhirwe bwo ngaha kwisi, ubuhirwe bumara umwanya urume rumara aho kurondera ubuhirwe bwa wa musi intungane zizozuka. Uyo musi! Abataco bafise, ibimuga, abacumbagira, impumyi bazoba babaye ba BIGABIRO nibo bazoba bagaba. Inkuru nziza ya Matayo, ikigabane ca 25 kiragaragaza ingene uruhigi ruzohindukira: narashonje murangaburira, naranyotewe murampa utwonywa, nagenda gusa muranyambika, nari ngwaye murandaba, ndi mwibohero murandamutsa ukuri nukuri ndabibabwiye ico cose mwa-
giriye umwe umwe muri abo bato bato mu bo tuvukana ni jewe mwabigiriye ( Mat.25, 34-40). Iyindi nyigisho twovana muri iyi nkuru nziza nogarukako ni: Ukwicisha bugufi, ugutegura neza umutima wacu imbere yo kwakira Yezu. Twama twatumiwe mu bu-
geni bwinkuka yUkarisitiya, ariko hari aho dutanguranwa gusangira kandi tutiteguye. Ntateka ririmwo kandi nta buzima turonka. Dusabe ingabirano yukwicisha bugufi ninyifato nziza ibereye ubugeni bwa wa Mwagazi wImana. A. Aloys CAMBARA.
Ni muje ahabona, ntimwemere gukumirwa. Ivyo Papa Fransisiko yabivuze mu nyigisho
yashikirije urwaruka ( 30.000) rwari mwihwaniro mpuzamakungu i Rio de Janeiro, muri Kathedrale yitiriwe Sebastiyano mweranda. Ngaka agace gatoya kivyo yabashikirije: Nifuza ko irihwaniro rivyura umudurumbanyo (la pagaille) ngaha i Rio, no mu madiyoseze. Ni muje ahabona. Nifuza ko Ekleziya ija mu mabarabara. Nifuza ko twirinda ico cose cotuma tuguma tumase ku vyisi, kikatuzingamikira mu kwemera kwakamenyero, twigungiye muri twebwe nyene. Amaparuwasi, amashule, inzego zose, ni vyugurure amarembo kandi bisange abantu aho bari. Ahandi ho vyohava bikora nkamashirahamwe. Ekleziya nayo, sishirahamwe. Ni muvyihweze namwe: Mu bihe tugezemwo amafranga yagizwe ikigirwamana, hagaca hatunganywa iterambere rikumira abageze mu zabukuru nurwaruka. Abageze mu zabukuru bakabazivya, urwaruka narwo bakabura akazi. Ni co gituma rwaruka, murinda kuja ahabona ngo murwanire iteka nimico yubahiriza ubuzima mu bice vyabwo vyose. Abahumure nabo, ni bugurure umunwa bavuge, batwigishe, baturage ubwitonzi. Ndabasavye nshimitse, bantu muhumuye, ntimwikumire ngo mureke kuba ibigega vyubumenyi, imico nubwitonzi bihererekanwa uko imyaka igenda. Namwe rwaruka, ntimurwanye ababakurira nabageze mu zabukuru. Rwaruka namwe bahumure, mwese muhanzwe na kimwe: ugukumirwa. Ndabinginze, rwanira iteka ryanyu. Ukwemera Yezu Kristu ntitubifate nkigikinisho: Nibintu bikomeye cane: nugushirukanya! Imana yaraje kwisi ngo ibe umwe muri twebwe, ngo ibane natwe, yongera arabambwa ku musalaba: Namayobera! Mu buzima bwacu umusalaba uguma utubera amananiza. Mu kuwubamwo, twihweze Yezu: umusalaba wa Yezu watuzaniye ubukiriro. Ndabinginze, ntimujongorore ukwemera Yezu Kristu nka kurya tujongorora inyobwa yivyamwa ngo itworohere kunywa. Ntitwemere kuba mu kwemera kujongoroye. Ukwemera tukwakira kwose: nukwemera Yezu Kristu, umwana wImana yigize umuntu yankunze cane ku buryo anyitangira akampfira. Tunganya umudurumbanyo mwiza, ukiranura ibibi, ukarandura imizi yikibi mu buzima no mu mibano. Muti twobigenza gute? Soma ubuhirwe munani(Mat.5) no muri Matayo 25, muzoheza mubone ico tuzocirwako urubanza, hanyuma bidufashe gutunganya ikirangamwanya cubuzima bwacu. Ndabashimiye cane kuri ico gishika mwanyakiranye. Ndabasavye nshimitse ngo munsabire, ndakeneye igisabisho canyu. Imana ibahezagire. timwibagire kudurumbanya ariko mu buryo bwubaka!
Ikiyago cumusomyi. Ndabaramukije amahoro ya Kristu. Nkundira mbanze ndabashimire mwebwe mwese mwitangira ubutumwa bwo gukwiza hose inkuru nziza ya YEZU KRISTU biciye mu kinyamakuru KW'ISOKO RY'UBUZIMA. Imana nibaje imbere mukomere kw'ibanga, ni bashoboze kuyimenyesha aho muri hose mu mvugo no mu ngiro. Jewe nkora mu bitaro vyi Kibuye biri muri paruwase Bukirasazi, diyoseze nkuru ya Gitega kuva mu kwezi kwa gatatu 2012. Ngishikayo sinibaza ko bizoshoboka ko noza ndaronka ico kinyamakuru; nahora ndakigura rimwe na rimwe buri wa Mungu aho bacanze imbere y'isengero kuri paruwase Mikaheli mweranda canke kuri Cathdrale, kuko nari niga i Bujumbura muri INSP. Mu nyigisho z'amapfungo ya Pasika niho Patiri Jonathan NIYONGABO ajewe uburaro mw'iseminari y'i Mugera yatubwira ivyo kwiyandikisha (abonnement) kuri ico kinyamakuru. Nanje naciye ndabigerageza kandi vyarashobotse, ubu ndakironka buri ndwi kandi hakiri kare. Ndashimiye Patiri Jonathan, abakozi b'ico kinyamakuru be n'abasomyi baco badahengeshanya gutanga ivyiyumviro... Ndabipfurije ubutumwa bwiza!!!!! KAYAGWA Emmanuel. - Paruwasi Bukirasazi. Tel. 77 713 481; 79 613 943; 76 959 476.
Mutima wImana, wewe utanga ubuzima, wewe wareremba ku mazi kuva mu ntango zisi, nufashe
abantu bose muri iki gihe tugezemwo, ubumvishe ko kuzimanganya Imana mu buzima bwabo bituma batakarira mu bugaragwa bwo mu vyisi; ko aho bemera Imana ariho honyene hashobora gusagarara urukundo, iteka, ubuntu numwidegemvyo wukuri; ko ubutungane aribwo shingiro ryimibano iteye igomwe. Mutima Mweranda, wewe wururukiye ku batumwa kuri Pentekoti, wewe utwungira ubumwe muri Ekleziya, kubwIbatisimu twaronse, nudushwabure, udukure iyo twasanzariye, udusubize mu bunywanyi bwukuri, bwabasangiye umuryango. Nutugire ivyabona bishingira intahe Yezu Kristu ko yazutse, ko ari muzima. Nutugire beranda, utugire umuryango wabemera ubaho ugendera mu rukundo. Mutima Mweranda, wewe uyobora abutumwa, duhe kumenya ko mu gihe tugezemwo abantu benshi bariko bararondera ukuri kwukubaho kwabo be nukwisi. Tugire ababafasha kuronka ako kanyamuneza mu kumenyesha inkuru nziza ya Yezu Kristu.
DUSHEMEZE IMA A KU MU SI KU MU SI
1/9 D Idominika ya Siraki 3,19-21.30-31 Zab67,4-11 Uramutse watumiwe uriyicarira mu kibanza kiri inyuma kugira ngo
22-C Gilles, Ejidiyo
Heb 12,18-24
Lk. 14,1-14
nyenugutumira ni yaza, akubwire ati: Erega mukunzi igira imbere.. Umutima wUmukama uri kuri jewe, kuko yansize ngo mburire inkuru nziza aboro; andungika gukwiza mu baboshwe ubukiriro Ha! Ijambo riri aho!Arabwiriza nubukuru nububasha imitima ihumanye, igaca isohoka! Kandi inkuru yiwe ica ikwira muri ya ntara yose
2/9 L Ingrid 3/9 M Gregori 4/9 M Bonifasi,
Rosalie 5/9 J Mama Teresa 6/9 V Onezifori, Bertrand 7/9 S Regine
1 Tesal 4,13-17 Zab 95,1-13 Lk. 4,16-30 1 Tesal 5,1-11 Zab 26,1-14 Lk.4,31-37 Colosi 1,1-8 Zab 51,10-11 Lk.4,38-44 Colosi1,9-14 Zab97,2-6 Lk. 5,1-11 Colosi 1,15-20 Zab 99,1-5 Lk. 5,33-39 Colosi 1,21-23 Zab 53,3-4,6.8 Lk. 6,1-5
tegerezwa kumenyesha mu bindi bisagara Inkuru ziza yUbwami bwImana, kuko arico canzanye. Twaraye turaroba ijoro ryose turaheza ntaco twafata, mugabo ko ubimbwiye ndaterera urusenga. Gumya umutima; kuva ubu zohora uroba abantu. tawusuka igisama cimvinyu mu mibindi ishaje; ahandi ho, igisama kirayisavya, imvinyu igaseseka, nayo ya mibindi ikaba igiye irtyo timwigeze musoma ivyo Dawudi iakoze igihe yari ashonje, we nabo bari kumwe ingene binjiye mu ngoro yImana akabira imikate yimperezwa...
Iyo umugabo canke umugore apfakaye yokwifata gute?
Iyo Umugabo canke umugore apfakaye, birababaza cane uwuba asigaye. Iyo ari umugabo, biramugora cane kwegeranya ivyo mu rugo no kubungabunga abana. Murazi ko mu muryango usanga kenshi ari umugore yitwararika indero yabana, umugabo nawe ukamenga ntibimuraba. Iyo umugore apfuye biramugora kwakira nukumenyera. Nico gituma nabana bibagora cane kumenyera ubuzima batari kumwe na nyina wabo kuko baca bibuka ivyo yahora abakorera vyose, bakabona se wabo adashobora kubibashikirako. Ivyo biratuma bagumana agahinda mu mutima. Eka mbere nuwo mugabo agumana umubabaro. Uwo mugabo rero ntateba kwiyumvira kuzana uwu-ndi mugore kugira ngo amufashe kurera abo bana. Hari aho rero usanga uwo mugore azanye ataco amufashije kinini mu kurera abo bana atari ukubafata nabi, rimwe rimwe no kubakorera ikibi. Murumva ko abo bana baca bagumana umubabaro mwinshi. Mbere nuwo mugabo akagumana umubabaro wukubona abo bana bamerewe nabi kandi atari buhebe uwo mugore. Akagumana agahinda mu mutima wiwe na babana bagakurana umutima mubi ata kintu na kimwe bakunda mu buzima bwabo. Niyo umugore apfakaye naho nyene agira umubabaro mwinshi cane. Iyo asigaranye abana biramugora kubatunga wenyene, kubasomesha, kubaronderera ivyo bafungura, nibindi. Uwo mugore aca agumana agahinda eka nabana bakagumana umubabaro wa se wabo, bakabona ko batakironka ivyo bahora baronka akiriho. Iyo umugore canke umugabo apfakaye hariho abaca bifata nabi bagahava baja mu buhumbu. Muri ico gihe nabana basigaranye ntaba akironka umwanya wo kubitaho. None bavukanyi, umugore canke umugabo ashikiwe nizo ngorane yokwihangana, akakira ivyo Imana imuhaye, akagerageza kurera abana asigaranye mu buryo afise, akareka guta ibanga kuko nukuja murubwo buhumbu nta mahoro bitanga atari ugusambura umutima numubiri. Yogerageza kwitura Imana imisi yose kugira ngo ashobore kubandanya yubaka urugo rwiwe neza. Ninaho nabana basigaranye nabo bakurana indero nubuntu kuko baba bafise abo bayikurako.
Banywanyi bikinyamakuru kwIsoko ryUbuzima, turakengurukiye bamwe muri mwebwe bitwararika kuturungikira amakuru, bakaguma baturemesha. Turabashimiye cane, tubasaba ngo mubandanye mudushigikira, mutibagiye nukudusabira ngo Imana itwongerereze inguvu zukuyikorera. Mu ma paruwase yanyu no ku mashure yitabariro, mu bavukanyi nababanyi banyu, aho mukorera naho muba, mukabure inyota yinkuru nziza ya Yezu Kristu, mukundishe ikiyamakuru kwIsoko ryUbuzima. Banywanyi bacu, turatumiye abavyifuza bose ngo batwandikire; mudushikirize ivyiyumviro vyanyu, mushingire intahe Imana ku vyiza yabakoreye canke yakoreye ngaho iwanyu, mumenyeshe abandi ivyiza mumaze gukura mu kinyamakuru kwIsoko ryUbuzima. Ivyo vyose bizoheza bigirire akamaro abandi.
DUCISHEMWO DUTWE GE: Hari umusenyeri wo muri Congo yaheruka kuva mu Butariyano kuramutsa Papa. Imbere yo gushika imuhira abanza guca kwimosha muri saro. Kimyozi amubonye ati: Karibu Musenyeri! Bugingo atanguye kumumwa, musenyeri nawe aca atangura guhunyiza kuko yari arushe. Kimyozi abibonye abaza Musenyeri ati: yakwubahwa kubera iki muriko murasinzira? Musenyeri yikurayo avuga ati: Si ugusinzira, ndiko ndazirikana ku kajambo duheruka kuyaga na Papa. Kimyozi amubaza ati: Akahe ga Musenyeri? Musenyeri ati: Papa yambwiye ko dutegerezwa kubigisha kumwa abantu muriko muravuga mwaramutse Mariya ngo itiro ryoye kwica abakiriya banyu.